Uko wahagera

Mu Ntara ya Bubanza, Imbwa Zamaze Ibitungwa n'Abantu.


Imbwa zasizwe n'abasirikare baturuka mu gihugu ca Nepal zimaze kurya impene zitandatu. Abo basirikare bari barungitswe mu ntara ya Bubanza, mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi, aho bafasha mu mugambi wo guhagararira amahoro mu Burundi. Abantu bamaze kuribwa n'izo mbwa nabo ngo nti bazwi neza igitigiri. Abajejwe intwaro batangaje iyo nkuru, bavuga igitigiri c’abantu batanu mu ndwi yahera, ariko bakamenyesha kw’ico gitigiri gitera ciyongera

Inyuma y'amatora yabaye mu mwaka w'i 2005 mu Burundi, abasirikare baturuka mu gihugu ca Nepal baratahutse basiga imbwa zabo, nazo zica zihereza amashamba, none ubu nizo ziriko ziratera ingorane. Abajejwe amagara y'abantu mur'iyo ntara bahanura abanyagihugu gucandagisha imbwa z'intungano. Abajejwe intwaro nabo basaba abo banyagihugu guhaguruka bagahiga izo mbwa.

Abo bajejwe intwaro baremeza ko mu ntara ya Bubanza habarizwa imbwa zigera ku bihumbi bibiri. Iyo umuntu ariwe n'imbwa isara, avuzwa ku mahera arenga idorari ijana, ayo akaba arenga ibihumbi ijana mu mafaranga y'amarundi. Kandi kenshi na kenshi, ngo imiti ntikunda kuboneka.

XS
SM
MD
LG