Uko wahagera

VOA/KIRUNDI/KINYARWANDA


Tumaze imisi turonka ubutumwa bw’abanywanyi bacu kuri e-mail, batubwira ko bamaze imisi batumva ibiganiro vy’iradiyo Ijwi rya Amerika i Kigali kuri FM mu Kirundi no mu Kinyarwanda.

Twaratohoje mu buhinga bw’ivyuma birungika ivyo biganiro dusanga ata ngorane n’imwe iri k’uruhande rwacu. Abahinga bakorera Ijwi rya Amerika bariko bakorana n’abajejwe kugendura ivyuma vyo guhanahana amakuru mu Rwanda, mu mugambi wo gutora icateye izo ngorane.

Twosaba rero abakunzi b’iradio Ijwi rya Amerika kwihangana mu gihe izo ngorane zikibandanya, ariko tukabamenyesha ko turiko turakora ibishoboka vyose kugira ngo tuzitorere umuti mu maguru masha. Murakoze.

XS
SM
MD
LG