Uko wahagera

Uburundi Busaba Tanzania Kutirukana Impunzi z'Abarundi ku Nguvu


Umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu n'ugufatana mu nda, Immaculee Nahayo, aherutse kubwira abamenyeshamakuru ko reta y'Uburundi igiye gusaba igihugu ca Tanzania ngo congereze ikiringo co guha ubuhungiro Abarundi bari muri Tanzania.

Reta y'Uburundi ngo nti fise ubushobozi bwo kwakira, mu mezi atatu, abantu ibihumbi ijana na mirongo itanu bari mu buhungiro mu gihugu ca Tanzania. Umushikiranganji Immaculee Nahayo avuga ko mur'uyu mwaka w'i 2007 bashobora kwakira ibihumbi mirongo itandatu, ibihumbi mirongo icenda bisigaye bakazotahuka mu mwaka uza.

Tanzania catanze ikiringo co gushika mu mpera z'umwaka w'i 2007, kugirango impunzi zose z'abarundi zizobe zavuye mur’ico gihugu. Iyo ngingo ikaba yamenyeshejwe na Perezida wa Tanzania, Jakaya Kikwete, igihe yari mu rugendo mu Burundi mu kwezi kwa gatandatu guheze.

Ishirahamwe HCR rirashigikiye icipfuzo ca reta y'Uburundi kandi ngo abategetsi b’iryo shirahamwe bazofasha gusigurira ico kibazo reta ya Tanzania. Reta y'Uburundi ifise ahanini ingorane z'uburyo n'ikibazo co kuronsa amatongo n'amazu abantu bahungutse.

Ikindi kibazo Uburundi bwipfuza kuganira na reta ya Tanzania, ngo n’abarundi bamaze imisi birukanwa ku nguvu bagasiga ivyabo n'ababo inyuma. Abarundikazi bubakanye n'abanyatanzania basiga inyuma abana n'abagabo babo, abagabo nabo bubakanye n'abanyatanzaniyakazi bagasiga inyuma abana n'abagore.

Umushikiranganji Immacullee Nahayo avuga kw’ivyo bintu bibabaje, akamenyesha kw’ibiganiro kur’ico kibazo bigiye gutangura vuba. Kuva umwaka utanguye, abamaze kwirukanwa baharurwa mu bihumbi indwi n'amajana atanu. Abo birukanwa bitwa ko batigeze baronka impapuro zibaha uburenganzira bwo kuba muri Tanzania, kubera ko batagiye mu makambi y'impunzi.

XS
SM
MD
LG