Uko wahagera

Ingorane z’Amafaranga yo Guhemba Abigisha m’Ubushikiranganji bw’Indero, mu Burundi.


Umwaka w’ishure mushasha waratanguye mu Burundi. Ubaye umwaka ugira gatatu, kuva umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza afashe ingingo y’uko abana bose biga ku buntu mu mashure y’intango.

Naho iyo ngingo ari nziza, yakweze ingorane zitari nke. Abanyeshure babandanya biyongera uko umwaka utashe, mu gihe ata bigisha bakwiye n’amashure akwiye ariho.

Iyo ngingo ifise ingaruka mbi ku bigisha no kubanyeshure bo nyene. Abigisha baca basanga bafise abanyeshure umurengera mw’ishure rimwe, bigatuma badashobora kubitaho neza bikwiye, abanyeshure nabo nti baronke inyigisho zikwiye.

Umupfasoni Elalie Nibizi, umuhanuzi m’ubushikiranganji bw’indero, avuga kw’ikibazo atari abigisha b’inkehwa, ko ahubwo ar’uko reta idaha ubushikiranganji bw’indero uburyo buhagije, bwotuma ubwo bushikiranganji bushobora guha akazi abigisha benshi bari mu mabarabara mur’iki gihe barondera akazi.

XS
SM
MD
LG