Uko wahagera

Ikibazo ca Ruswa muri Kenya


Abitegerezwa ibintu bavuga ko ingingo y’abashingamateka b’igihugu ca Kenya mu ndwi iheze y’ukugabanya ububasha bw’umugwi ujejwe kugwanya ruswa mu gihugu yabaye ikimenyetso ca nyuma c’uko imimigambi ya presida Mwai Kibaki yashizwe imbere cane y’ukurandurana n’imizi ruswa yabaye amasigaracicaro. Reta ya Kibaki iguma ivuga ko ikiciyemeje ku vyerekeye kugwanya ruswa.

Umuhango wa presida Kibaki w’ukurandurana n’imizi ruswa wabonywe nk’impamvu ikomeye yatumye atsinda n’amajwi menshi cane amatora yo mu mwaka w’ibihumbi bibiri na kabiri. Yamara imyaka itani inyuma yaho ingingo zafashwe n’inama nshingamateka y’igihugu ca Kenya na Reta ya presida Kibaki zerekana ko imigambi yategerezwa gushimikigwako yahindutse.

Ku musi wa kane w’indwi iheze, inama nshingamateka y’igihugu ca Kenya yemeremeje itegeko ribuza umugwi ujejwe kugwanya ruswa muri Kenya gutohoza ama “dossiers” ya ruswa yabaye imbere yuko uwo mugwi ushigwaho mu mwaka w’2003 mu bizzibira ama “dossiers” akomeye ya ruswa yabaye mu gihugu ca Kenya.
Mutahi Ngunyi, umuhinga akwirikirana ivyerekeye politike avuga ko bisa n’ibigaragara ko abashingamateka bariko barondera kwikingira mu gihe abatora bobahinduka mu matora y’uyu mwaka.

Mu gihe ivyagirizo vyinshi ku masigaracicaro y’utwigoro tw’ukugwanya ruswa vyerekeye inama nshingamateka, inyifato ya Reta ya presida Kibaki yarasubiye guha akazi abashikiranganji batari bake bari birukanywe kubera ivyagirizo vya ruswa. Presida Kibaki kandi yagenye Daniel Arap Moi yahoze ari umukuru w’igihugu kuba intumwa yiwe ku vyerekeye utwigoro tw’amahoro mu gihugu ca Sudani. Imisi mikeyi inyuma yaho, Moi yatangaje ko azoshigikira akigoro ka presida Kibaki k’ugusubira kwitoza mu kindi kiringo c’ukuyobora igihugu ca Kenya.

Iyo ngingo yaratangaje abantu kubera intsinzi ya presida Kibaki yari yabonywe nk’ugushaka kwikurako igihe ca Moi caranzwe na ruswa. Yamara Arap Moi yarasubiye kwambikwa umutamana, bikaba bisa nuko muri iki gihe afise ububasha burengeye ubwo yari afise kuva ari presida wa Kenya. Vyongeye nta ngingo Reta ya presida Kibaki yafashe ku vyavuye muri raporo y’ibanga yabaye kuri Arap Moi yamenyekanye mu kwezi guheze. Iyo raporo yasanze presida Moi n’abahungu biwe begeranije imilioni amajana n’amajana z’amadolari z’amatungo adaciye mu mategeko mu myaka mirongo ibiri n’ine Arap Moi yamaze ku butegetsi muri Kenya.
Ah’ukwemera gukwirikirana ivyo vyagirizo, umuvugizi wa presida Kibaki yatangaje ko iyo raporo yari yuzuye amakosa.

Ku musi wa Gatanu w’indwi iheze, umuvugizi wa Reta ya Kenya, Alfred Mutua yavuze ko itegeko ry’inama snhingamateka rigeramira umugwi ujejwe kugwanya ibiturire mu gihugu ca Kenya ari igikogwa c’abatavuga rumwe na Reta bashaka gusubiza igihugu ca Kenya mu nzira ya ruswa.
Yamara abajejwe kugwanya ruswa bavuga ko uko ari ukurenza urugero. Bamenyesha ko hari igitigiri gikwiriye c’abashingamateka bari kumwe na presida Kibaki ku buryo itegeko rigeramira umugwi ujejwe kugwanya ruswa ritari kurengana iyo Reta ikabishaka.

XS
SM
MD
LG