Mw'ijoro ryo ku wa mbere rishira uwa kabiri, igenekerezo rya cumi, ukwezi kw’icenda, Mitakaro Yeremiya umudandaza aba muri komine Vugizo, ku musozi wa Jongwe, yaribwe amafaranga imiriyoni umunani y'amarundi, yongera aracumitwa imbugita nyinshi n'abantu bataramenyekana. Abajejweiintwaro baremeza iyo nkuru.
Ababanyi ba Yeremiya Mitakaro bavuga kandi ko ku musi wa gatandatu yari yimbwe imifuko amajana ane y'ikawa. Mu misi itatu ikurikirana yatewe incuro zitatu nyene.
Ubusuma bw'abitwaje ibigwanisho butera bwiyongera mu Burundi, ku musi wa mbere nyene, imiduga itandatu yaguye mu mutego w'abitwaje ibigwanisho ku rubibe intara ya Kayanza ihana n'intara ya Ngozi. Abasuma batwaye amafaranga menshi, amaterefone ngendanwa n'ibindi.
Ubukene, ibigwanisho bikinyagara mu banyagihugu, umuhari Palipehutu-FNL, n'abawiyitirira b'abasuma, nizo nsiguro zitangwa kenshi n'abajejwe ugwego gw’igiporisi.