Uko wahagera

Umutekano Muke muri Bujumbura-Rural


Buramatari w'intara ya Bujumbura-Rural, Zenon Ndaruvukanye, yagiriza abagwanyi ba Rwasa Agathon atwara umuhari Palipehutu-FNL ko bakoresha iterabwoba mu gusahura abanyagihugu nk'uko yabitumenyesheje kuri terefone.

Abo bagwanyi ba Rwasa ngo batoza amafaranga n'imfungurwa ku nguvu mu makomine amwe amwe. Henshi mbere ngo nibo basigaye baca imanza z'amatongo, ivyo bigatera umutima uhagaze abanyaghugu. Mur'iyo ntara ya Bujumbura-Rural, abagwanyi ba Rwasa niho bagize nk'ibiro bikuru vyabo, kandi kenshi na kenshi ngo abanyagihugu barabakingira ikibaba.

Zenon Ndaruvukanye atwara iyo ntara ya Bujumbura-Rural asaba kw'ibirindiro vy'abasirikare vyokwongerezwa, abanyagihugu nabo bagasabwa gukorana n'abajejwe umutekano. Abagwanyi ba Rwasa Agathon barahakana ivyo bagirizwa, ariko bakemera ko babeshejweho n'abanyagihugu. Kuva vyiswe ko bahagaritse intambara, haraheze umwaka, abo bagwanyi nti bigeze baranswa ibifungurwa.

XS
SM
MD
LG