Uko wahagera

Ubwicanyi mu Ntara ya Bubanza.


Kw’igenekerezo ry’icenda, mur’uku kwezi, umusore yaratemaguye n’umupanga abantu batandatu, ku musozi wa Mpishi, mu ntara ya Bubanza. Umukenyezi umwe yaciye yitaba Imana, abandi bantu batanu bakomeretse cane bariko bavurirwa mu bitaro vy'i Bubanza.

Uwo musore nawe nyene yaciye afatwa n'abanyagihugu, baramukubita gushika aho ashaka gupfa. Ubu nawe nyene ariko avurirwa mu bitaro vy'i Bubanza. Igihe yakora ico caha, ngo yasa n'umuntu aborwe. Abasanzwe bamuzi bavuga ko ngo yahora ahiga gutemagura abantu, kandi ngo yari azwi ko anywa ibiyayura umutwe.

Uburundi bumaze imyaka irenga cumi mu ntambara. Ibibi abantu bagiye barakora, ivyabashikiye, canke ivyo babonye bishobora gutuma bagira ingorane zo mu mutwe. M’ubushikiranganji bujejwe kwitaho amagara y'abantu nta mugambi utomoye uriho wo gukurikirana abo bantu. Ishirahamwe ryigenga TPO niryo rimaze kwerekana ko ryitwararika ico kibazo.

XS
SM
MD
LG