Uko wahagera

Ubwicanyi Muri Komine Songa, mu Ntara ya Bururi.


Kw’igenekerezo ry’indwi ry’uku kwezi kw’icenda, muri Komine ya Songa, mu ntara ya Bururi m’ubumanuko bw'Uburundi, umusore yaramaze imisi umunani yazanywe na Serugo ngo amuhe akazi ko mu nzu, yarishe inabuja n'umwana wiwe, yongera akomeretsa n’uwundi mwana umwe.

Uwo mwana yarakomeretse cane, k’uburyo mur’iki gihe ariko avurirwa mu bitaro vy'ahitwa mw'Ijenda. Uwo mukozi yishe abo bantu mw'ijoro basinziriye, akoresheje igipanga. Serugo, umushoferi w'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impuzi HCR, yari yamukuye mu Kayanza, m’uburaruko bw'Uburundi. Ababanyi n'abandi banyagihugu bavuga kw’abo bantu bazize ubusa.

Umusi ukurikira ku mutaga, uwo mwicanyi yari yahunze yaragarutse afise ca gipanga. Abanyagihugu bamubonye baciye bamurengerako baramwica. Imbere y'uko apfa, yababwiye ko abamutumye, ariko atavuze abo ari bo, ngo baraye baramukoresha kubera ko atishe ababa mur’iyo nzu bose, ngo akaba rero yari agarutse kubaheraheza bose.

Musitanteri wa komine Songa avuga ko abo banyagihugu bagize nabi mu kwica uwo muntu, kuko bica bigorana kumenya neza icatumye ubwo bwicanyi. Abantu bamwe bo muri komine Songa bibaza ko uwo muntu yoba yari agwaye mu mutwe, ariko biragoye kwerekana.

XS
SM
MD
LG