Uko wahagera

Ihiganwa Mpuzamakungu ry’Umupira w'Amaguru i Bujumbura.


Mw'ihiganwa mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru rihuza ibihugu vyo muri Afrika bigwanira kuja mw'ihiganwa ritegekanywa i Accra muri Ghana mu ntango z'umwaka uza, Uburudi na Missiri vyaratanye mu mitwe kw’igenekerezo ry’icenda ry’uku kwezi, urukino ruhera ar’ubusa k’ubundi.

Inyuma y'iminota mirongo icenda, nta mugwi n'umwe washoboye kuronka igitsindo. Uburundi bwatanguranye ubwoba, ariko mu gice ca kabiri abakinyi b'abarundi barerekanye umukino ubereye ijisho, n'aho batashoboye kwinjiza. Igihugu ca Missiri naco nyene carerekanye ko gifise umukino uteye imbere, n'intsinzi ikaba yarahatswe igihe umupira wagarukira ku mwamba. Umukinyi wa Missiri yarahawe ikarata itukura. Mu rukino rwaheruka kubera mu Missiri, Uburundi bwatsinzwe ibitsindo bine ku busa.

Uburundi na Missiri biri kumwe n'ibihugu vya Botswana na Mauritania. Missiri niyo yambere ikaba ifise amanota icenda. Uburundi na Mauritania biranganya amanota, n’ukuvuga indwi ku ndwi, bikaba bigiye guhura mu misi iri imbere. Botswana kiza ubwanyuma n’manota ane.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi akunda cane umupira w'amaguru, yari yishikiye ku kibuga c'umupira w'amaguru citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, gisigaye kiriko bwa bwatsi bw'ikizungu, butuma abakinyi bakina neza kandi nti hagire ico baba mu gihe baguye hasi. Imisi ibiri imbere y'uko urwo rukino ruba, Perezida Petero Nkurunziza yari yagendeye abo bakinyi, abemerera kuzobaha ico bazoshaka cose mu gihe botahukana intsinzi.

XS
SM
MD
LG