Uko wahagera

Intambara m’Uburaruko bw'Igisagara ca Bujumbura


Kw’igenekerezo rya kane, ukwezi kw’icenda, mw'ijoro ryo ku wa mbere rishira uwa kabiri, mu makaritiye ya Kinama na Buterere, m’uburaruko bw'igisagara ca Bujumbura haradutse intambara hagati y'abagwanyi b'umuhari Palipehutu FNL n'abavuga ko bawiyonkoyeko. Iyo ngwano yatanguye igihe c'isaha cumi z'ijoro, yahitanye abantu bashika mirongo ibiri nk'uko abajejwe intwaro babivuga. Abagwanyi biyonkoye kuri Rwasa Agathon cumi n'icenda n'umunyagihugu umwe nibo bahasize ubuzima. Ariko abagwanyi ba Rwasa Agathon bari ahitwa Buhinyuza ari nabo bateye, bavuga ko bishe mirongo ibiri n'indwi mur’abo biyonkoye, na cumi bagizwe imbohe.

Abatewe baharurwa mu majana atatu n'abajejwe intwaro, ariko bobo bavuga ko bashika amajana ane. Ukwiyonkora kwabo bavuga ko kwatumwe n'uko Rwasa yarungitse ubutumwa bw'uko ibiganiro bidashobora kubandanya hagati ya reta na FNL. Ubwo butumwa ngo buvuga ko Imana yahishuriye Rwasa ko azofata igihugu akoresheje umuheto, nk'uko umwe mu biyonkoye yanse ko tumuvuga izina yabibwiye Ijwi rya Amerika. Ivyo ngo nivyo badashaka, ngo bipfuza amahoro aciye mu biganiro.

Abanyagihugu bateye akamo umukuru w'igihugu bamusaba guhagarika ivyo bintu. Abaharanira agateka ka zina muntu nabo basaba ko amasezerano yubahirizwa. Abanyagihugu nabo bari bateshejwe izabo kubera intambara, ku musi wa kabiri inyuma y'umutaga bari batahutse. Ariko umutima nti wari bwasubire mu nda. Amasezerano yemejwe hagati ya reta na FNL amaze umwaka ariko ntarashigwa mu ngiro. Abarundi n'amakungu bafise impungenge z'uko Uburundi bushobora kudashika ku mahoro arama.

XS
SM
MD
LG