Uko wahagera

Umushingamateka Jean Marie Ngendahayo Yaravuye m’Umugambwe CNDD-FDD


Kw’igenekerezo rya gatatu, ukwezi kw’icenda, umushingamateka Jean Marie Ngendahayo wo mu mugambwe CNDD-FDD uri k’ubutegetsi yatangaje ku ma radiyo y’i Bujumbura ko asezeye umugambwe CNDD-FDD.

Imvo yatanze ngo n'uko atacumvikana n'abarongoye uwo mugambwe ku vyerekeye ingene igihugu gitwarwa mu vyerekeye agateka ka zina muntu, intwaro ibereye, kugwanya ibiturire no mu vya poritike cane cane kutaganira n'abandi banyeporitike.

Jean Marie Ngendahayo ari mu bashingamateka mirongo itandatu n'indwi bashize umukono ku rwandiko rwanegura ingene umukuru w'igihugu atwara rwarungikiwe Perezida Petero Nkurunziza mu kwezi kw'indwi kwaheze. Abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD bamwe bamwe mbere bavuga ko ari Jean Marie Ngendahayo yanditse iryo kete, mu nyuma agasaba abamushigikira. Kuva iryo kete risohoka, Jean Marie Ngendahayo nti yabaye akirambwa ryiza n'abarongoye umugambwe uri k’ubutegetsi.

Jean Marie Ngendahayo yari asanzwe ari mu nama y'Inararibonye irongowe na Perezida NKurunziza y'umugambwe CNDD-FDD. Uwo mushingamateka agize uwa gatanu avuye mu mugambwe CNDD-FDD. Umugambwe CNDD-FDD nawo ufise abashingamateka bamaze kwicamwo kubiri, bamwe bashigikiye Hussein Radjabu apfunzwe, abandi nabo bakaba bari inyuma ya Petero Nkurunziza. Itanga imihoho rya Jean Marie Ngendahayo rije risongera isibe mu ngorane ziri mu mugambwe uri k’ubutegetsi.

Jean Marie Ngendahayo yahoze ari mu mugambwe Sahwanya FRODEBU imbere yo kuja muri CNDD-FDD. Akaba yari mu bitwa abatutsi baza imbere, n'aho wewe ari umuganwa. Umupfasoni wiwe bari mu mugambwe umwe, kandi n’umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'amakungu.

XS
SM
MD
LG