Uko wahagera

Ibikorwa Vyahagaze Hagati ya Reta y'Uburundi n'Umuhari Palipehutu-FNL Bishobora Kubandanya


Umunya Afrika y'Epfo Charles Nkouakula ahagarariye ibiganiro hagati ya reta y'Uburundi n'umuhari Palipehutu FNL wa Rwasa Agathon yarabonanye n'umukuru w'igihugu c'Uburundi Petero Nkurunziza. Ubutumwa yari azanye bwerekeye ishirahmwe ry'Ubumwe bwa Afrika n'abategetsi b'ibihugu vyo mu karere k'ibiyaga bigari harimwo n'igihugu ca Afrika y'Epfo.

Ijambo ngo ni rimwe gusa nk'uko Charles Nkouakula yabimenyesheje abamenyeshamakuru inyuma y'umubonano. Reta y'Uburundi n'umuhari Palipehutu FNL ngo bategerezwa kuba bahejeje gushira mu ngiro amasezerano bemeje imbere y'igenekerezo rya 31 ukwezi kwa 12.

Umuhuza Charles Nkouakula asaba impande zose kworosha kugira iryo genekerezo ntabanduka ryubahirizwe. Mu misi iri imbere, abakuru b'ibihugu vyo mu karere k'ibiyaga bigari harimwo na Afrika y'Epfo, basavye ngo bahurire mu kibanza kitaramenyekana kugira nabo nyene bahimirize impande zose. Inyuma y'umubonano Perezida Petero Nkurunziza yabwiye abamenyeshamakuru ko yashimye impanuro aca yiyemeza gukwirikiza isango.

Ku ruhande rwa Palipehutu FNL baremera ko kwubahiriza ikiringo catanzwe mbere ngo n'intumwa za FNL zo mu mugwi ujejwe ishigwa mu ngiro y'amasezerano abiri basubiye inyuma zigiye kugaruka mu misi iri imbere, nk'uko Pasteur Habimana, umuvugizi wa FNL yabitumenyesheje kuri terefone ari i Dar Es Salaam muri Tanzania. Pasteur Habimana asaba ariko ko umutekano w'izo ntumwa wocungerwa vy'akarorero. Muribuka ko izo ntumwa zasubiye inyuma zivuga ko umutekano wazo udashemeye.

Amasezerano atarashirwa mu ngiro amaze umwaka yemejwe i Dar Es Salaam muri Tanzania. Ingorane nyamukuru zihagaze ku gudatomora neza kazoza ka poritike k'umuhari Palipehutu FNL. Ukudashira amasezerano mu ngiro gutuma Abarundi n'incuti z'Uburundi bata kaza umwizero mu mahoro arama mu Burundi. Abafasha Uburundi nabo bagaca baronka icitwazo co gukwega amaguru, mu gihe ubukene nabwo bubandanya bwiyongera mu gihugu.

XS
SM
MD
LG