Uko wahagera

Iduzwa ry'Ibiciro vy'Ibidandazwa Ngenderwako mu Burundi


Mu kiganiro umupfasoni Eularie Nibizi, icegera c’umukuru w’ishirahamwe mpuzamasendika mu Burundi yahaye Ijwi rya Amerika, yavuze ko bakiye nabi cane ingingo ya Reta y’Uburundi y’ukuduza ibiciro vy’ibidandazwa ngenderwako. Ku bwiwe, ngo iduzwa ry’ibiciro bituma ubushobozi bw’abantu mu kugura bugabanuka mu gihe ubukene bwugarije igihugu, abakozi nabo basanzwe bafise agashahara atako kifashe.

Umupfasoni Eularie Nibizi avuga ko ivyo vyose Reta y’Uburundi yabigize itavuganye n’abakozi canke amahirahamwe y’abaguzi. Ngo nico gituma vyabashavuje cane. Amenyeshako kubona Reta itashize mu ngiro ivyo yemeye vy’ukwongereza umushahara w’abakozi ku bice 34 kw’ijana ngo vyerekana ko ari ibintu yari yakoze ititeguye. Ngo n’ibintu Reta yari yakoze kugira ihume amaso abakozi.

Ingaruka ivyo bishobora kugira ku buzima bw’abanyagihugu basanzwe canke abakozi muri rusangi nuko ubukene bw’abakozi buzokwiyongera, umwimbu ukagabanuka.

XS
SM
MD
LG