Uko wahagera

Ubwicanyi mu Gisagara ca Bujumbura


Kw’igenekerezo rya 26 ukwezi kw’umunani 2007, mw'ijoro ryo ku w'Imana rishira ku wa mbere, kw'ibarabara rya kane muri karitiye Kinama iri m’uburaruko bw'igisagara ca Bujumbura, abantu bitwaje ibigwanisho barishe abantu babiri, umugore n'umugabo, mu gitero cabaye m’ubunywero. Mur'ico gitero haribwe amafaranga n'amaterefone yo mu ntoke menshi.

Mu ndwi zibiri ziheze, abantu babiri baratowe bishwe mur'iyo karitiye nyene. Ivyo bikerekana ingene mu gisagara ca Bujumbura umutekano w'abantu usa n'uwuriko urasubira inyuma. Ku musi wa gatanu w'indwi iheze, ikiziga c’umuntu yishwe catowe hafi y'uburaro bw'abanyeshuri bo muri kaminuza aho bita "Campus Mutanga". Mu ndwi zine ziheze, ubwicanyi bwarabaye mu ma komine ya Buyenzi, Buterere na Ngagara.

Uretse uwishe umuntu mu Cibitoke yafashwe, abakoze ubwicanyi ahandi hose nta n’umwe arafatwa, naho abajejwe intwaro n'abarongoye igiporisi bavuga ko amatohoza ariko arabandanya. Ivyo bigatuma abanyagihugu babandanya kwidoga. Ubukene n'ibigwanisho bikiri mu banyagihugu nizo nsiguro zama zatanzwe.

XS
SM
MD
LG