Uko wahagera

Pancrace Cimpaye, Umuvugizi w'Umugambwe Sahwanya-FRODEBU ari mu Kinyegero


Pancrace Cimpaye, umuvugizi w'umugambwe Sahwanya FRODEBU akaba n'umwanditsi mukuru w'ikinyamakuru "Aube de la Democratie" c'uwo mugambwe, nta wuzi irengero ryiwe kuva kw’igenekerezo rya 21 ry’ukwezi kw’umunani. Mu gatondo ka kare, abaporisi bashika mirongo itanu bazindutse bugariza inyubakwa Pancrace Cimpaye abamwo.

Abo baporisi nta kajambo umuntu yabumviseko, ariko bisiguye bavuga ko batumwe n'umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura. Bagishika ku rugo kwa Cimpaye, bari bafise urupapuro rumwe rwo kumuhagarika, ariko basanze ataraye muhira. Mu nyuma baciye basimbira kuri Parake, basaba urupapuro rubaha uburenganzira bwo gusaka inyubakwa.

Igihe c'isaha zitanu z'umutaga, niho igikorwa co gusaka catangura. Bashitse aho Pancrace arara, basanze hugaye, baca bakoresha ivyuma bikomeye mu gusambura umuryango w’ico cumba.

Inyuma y'ico gikorwa hafashwe imashine bita "ordinateur", impapuro nyinshi n'amakaseti. Abana ba Pancrace Cimpaye bari muhira ata wundi muvyeyi bari kumwe baragize ubwoba. Pierre Claver Mbonimpa arongoye ishirahamwe ryubahiriza agateka ka zina muntu APRODH avuga ko yatewe ikigongwe n'abo bana. Pierre Claver Mbonimpa avuga kandi ko hari impungenge z'uko agateka ka zina muntu gashobora gusubira inyuma mu Burundi.

Gushika ubu nta kintu na kimwe abo mu butungane canke igiporisi barashikiriza ku vyatumye umuvugizi w'umugambwe FRODEBU akurikiranwa. Ikizwi n'uko inyuma y'ibitero vyabaye ku bashingamateka batatu batavuga rumwe na reta, hamwe n'icegera c'umukuru w'umugambwe FRODEBU, Pancrace Cimpaye yavugiye ku maradiyo ko umukuru w'igihugu abifisemwo uruhara. Ikinyamakuru "Aube de la Democratie" arongoye naco, nti gihengeshanya kunebagura ivyo umukuru w'igihugu akora hamwe n'umugambwe uri k’ubutegetsi.

Mu kwezi kw'umunani umwaka uheze, Pancrace Cimpaye yari mu baronderwa, bagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi. Ariko naho nyene yaciye abaporisi mu ryahumye, aca ahungira mu gihugu ca Tanzania. Akaba yahungutse inyuma y’uko abari bafashwe bambitswe izera.

XS
SM
MD
LG