Uko wahagera

Imfungurwa za HCR zarahiye


Itoni ijana na mirongo itatu na zitanu z'imfugurwa z'ishirahamwe ryitaho impunzi HCR zahiriye mu nyubakwa y'impfuvyi itwa "Maison Shalom" mu Ruyigi.

Umucanwa wadutse igihe c'isaha zibiri z'ijoro ku musi w’imana, igenekerezo rya cumi n’icenda ukwezi kw’umunani, nti wari bwashobore kuzima ku musi wa mbere. Abantu nti bashoboye kuzimya uwo mucanwa, imashini zizimya umuriro nazo nti zivugwa mu Ruyigi, uretse ko n'i Bujumbura k’umugwa mukuru ziri ku rushi.

Icatumye uwo mucanwa waduka nti kiramenyekana, ariko bamwe bibaza ko waturutse ku ngorane z'amatara, abandi nabo bakavuga ko ari abantu bateye ibigwanisho biturika. Ico bikoze, ako gahombo kazotuma ishirahamwe HCR rigira ingorane zo kwakira impunzi zitahuka, kuko uretse amafaranga HCR isigaye itanga, abahungutse bahabwa n’imfungurwa z'amezi atandatu. Iryo sanganya ribaye mu gihe impunzi zisigaye zitahuka ari nyishi.

XS
SM
MD
LG