Uko wahagera

Iterabwoba Rikorerwa Abanyepolitike Batavuga Rumwe na Reta


Kw’igenekerezo rya cumi n’icenda ry’ukwezi kw’umunani, mw'ijoro ryo ku w'Imana rishira uwa mbere, grenade n'ibindi birwanisho vyaraturikijwe hafi y'inyubakwa zine zibamwo abanyeporitike batavuga rumwe na reta, ariko nta cononekaye.

Izo nyubakwa zibamwo abashingamateka Jean Marie Nduwabike, na Pasteur Mpawenayo bo mu gambwe CNDD FDD bakaba bari mu bashize umukono kw'ikete ry’abashingamateka mirongo itandatu n'icenda babwira umukuru w'igihugu ko badashima ingene ariko aratwara cane cane mu vyerekeye poritike, ubutunzi, n'imibano.

Abandi batewe ni Frederic Bamvuginyumvira, icegera ca mbere c'umukuru w'umugambwe FRODEBU hamwe na Nephtari Ndikumana, umushingamateka wo m’umugambwe CNDD wa Leonard Nyangoma. Abo bose bakaba batavuga rumwe na reta, kandi bakunda kuvuga amakosa ya reta batarya umunwa.

Inyuma y'ivyo bitero bisa n'ivyabereye igihe kimwe, Jean Marie Nduwabike ari mu batewe yagirije ku maradiyo umukuru w'umugambwe CNDD-FDD ko ari inyuma y'ivyo bitero vy'iterabwoba. Imbere y'ivyo bitero, Jeremie Ngendakumana arongoye umugambwe CNDD-FDD yabariye abashingamateka banebaguye ivyo umukuru w'igihugu akora ko bazokwibonerako.

Umuvugizi w’ugwego gw’igiporisi, Pierre Channel Ntarabaganyi, yavuze ko ubukozi bw'ikibi buriko burimonogoza mu gisagara ca Bujumbura, ariko ko amatohoza ariko arakorwa. Abagize ivyo bikorwa vy'iterabwoba nti barashobora kumenyekana.

XS
SM
MD
LG