Uko wahagera

Ikibazo c'Ukubura Akazi ku Bakiri Bato muri Afrika


Ikibazo c’ukubura akazi muri Afrika n’ikibazo kitoroshe na gato. Ku bw’ibiharuro vyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, abakiri bato bararenga ibice mirongo itandatu kw’ijana vy’abantu baba mu karere ka Afrika. Intara ya Afrika kandi niyo ifise igitigiri kinini cane c’abatagira akazi mu bituma abantu ibihumbi n’ibihumbi barondera kuja kurondera akazi mu karere k’i Bulaya.

Mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu OZ-N-U ryahimbaje umusi wahariwe abakiri bato kw’isi, amaleta y’ibihugu vyo muri Afrika arabandanya kugira ibibazo ku vyerekeye kuronsa akazi abakiri bato. Itohoza riherutse kugirwa n’ishirahamwe O-N-U ku vyerekeye akazi ryasanze impinga ikiri ndede ku vyerekeye kuronsa akazi abakiri bato.

Kuva mu mwaka w’ibihumbi bibiri, urunani rujejwe ivy’akazi ku bakiri bato rwarakoranye n’amaleta, abikorera ku giti cabo n’abaserukira abanyagihugu, kugira ikibazo cerekeye ukubura akazi kw’abakiri bato citabweho kurushiriza.

XS
SM
MD
LG