Uko wahagera

Icegera ca Mbere c'Umukuru w'Igihugu Avuga ko Azogumana Intebe Yiwe


Inyuma y'imisi cumi n'itandatu urwego nshingabikorwa rw'umugambwe UPRONA ruhagaritse icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, Martin Ndwuwimana
yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru aho yamenyesheje ko adashobora kuyegayega mu ntebe arimwo kubera ingingo yafatiwe.

Martin Nduwimana yasiguriye abamenyeshamakuru kur'uwu wa kane ko ingingo yafatiwe zidafashe kandi ngo ziteye kubiri n'amategeko y'umugambwe n'ingene inzego
z'umugambwe zikora. Ku bwiwe urwego nshingabikorwa ngo rwategerezwa gukora rubisabwe n'umurwi w'abantu batanu washinzwe inyifato y'abanywanyi n'ukwubahiriza akaranga mutima k'umugambwe. Ivyo ngo nti vyakozwe.

Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu arabandanya akavuga ko ingingo yafashwe gihutihuti kandi atunvirijwe eka ngo n'urwego rukuru rw'umugambwe(comite central) ntacorwabajijwe. Martin Nduwimana avuga ko ahagaze neza kandi yizeye ko mu
misi ya vuba ingorane zo kutunvikana mu mugambwe UPRONA zigiye gutorerwa umuti.

Martin Nduwimana aserukira umugambwe UPRONA mu kibanza c'icegera cambere c'umukuru w'igihugu yahagaritswe mu mugambwe kw'igenekerezo rya 16 ukwezi kw'indwi yagirizwa ko yemeje reta irimwo abanywanyi b'umugambwe UPRONA batatanzwe n'umukuru w'umugambwe.

Gushika ubu umugambwe UPRONA wahoze ari umugambwe umwe kuva Uburundi bwikukira gushika mu 1993 nturigera utsinda amatora. Muri kino gihe Aloys Rubuka awurongoye avuga ko bari mu batavuga rumwe na reta n'aho mu bashikiranganji harimwo abaporona.

XS
SM
MD
LG