Uko wahagera

Icegera ca mbere c'Umukuru w'Igihugu c'Uburundi, Martin Nduwimana, Yarahagaritswe mu Mugambwe wiwe


Ibiro nshingwabikorwavy'umugambwe UPRONA vyafashe ingingo yo guhagarika mu
mugambwe umuganga Martin Nduwimana mu kiringo kitamenyeshejwe.

Inyuma y'inama yarangiye itevye cane kur'uwu wa gatatu, abagize Ibiro nshingwabikorwa vy'umugambwe UPRONA mirongo ibiri na batandatu kuri mirongo itatu na bane bashinze ko Martin Nduwimana afise ikibanza c'icegera ca mbere kw'izina ry'umugambwe UPRONA ahagaritswe mu mugambwe. Batandatu barasohotse mur'iyo nama, babiri ntaco babivuzeko.

Umuganga Martin Nduwimana yagirizwa ko yahemukiye umugambwe mugutanga amazina y'abaja muri reta nshasha iherutse kugenwa mu Burundi kandi umukuru w'umugambwe n'abo bakorana mu kurongora umugambwe batashimye
kwinjira muri reta.

Mur'iyo nama umugambwe UPRONA washinze kandi ko abashikiranganji babiri binjiye mur'iyo reta bavuga ko baserukira umugambwe bahagaritswe. Iyindi ngingo
yafashwe ni uko umugambwe UPRONA ugiye mu migambwe utavuga rumwe na reta.

XS
SM
MD
LG