Uko wahagera

Umwuka Mubi Hagati y'Abasirikare b'Urwanda n'ab'Uburundi mu Ntara ya Cibitoke


K'uruzi Kaburantwa ruri mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi, k’uruhande rw’Urwanda hari abasoda bashika hafi amajana atanu barikanuye. K’uruhande rw’Uburundi naho, igisoda c'Uburundi carungitse abasirikare benshi bahanganye n'abo basirikare b'Urwanda. Abajejwe intwaro batanga iyo nkuru, bavuga kw’iyo nyifato imaze hafi indwi irenga.

Icatumye abasirikare b'abanyarwanda n'abarundi basa n'abashamiraniye, ni uruzi Kaburantwa rugabura Uburundi n'Urwanda mu ntara ya Cibitoke, rwahinduwe inzira n'abanyagihugu bo mu Burundi baruronderamwo inzahabu. Kubera ko mu Rwanda babuza gucukura inzahabu mur’urwo ruzi, abarundi baciye bashima kuruha iyindi nzira yinjira k’ubutaka bw'Uburundi. Urwanda rwaciye rurungika abasirikare kugirango bahagararire urubibe rw'igihugu cabo.

Igikorwa c'abasirikare b'abanyarwanda catumye abarundi cumi na babiri bariko barimba inzahabu m’uruzi Kaburantwa bahagarikwa, none ubu bamaze hafi indwi bapfungiwe i Butare mu Rwanda. Abajejwe intwaro n'umutekano mu Burundi bishikiye ahariko habera amatati, bahasanze umukuru w'abasoda b'abanyarwanda yababwiye ko ataco bafise bavugana, nk'uko vyemezwa n'umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Cibitoki.

Uburundi n'Urwanda bisanzwe biri mu mpari z'imbibe m’uturere twinshi two m’uburaruko bw'Uburundi. Ibiganiro bimaze umwaka urenga ariko nta nyishu birashikako.

XS
SM
MD
LG