Ibanki y’isi yose yaratanze infashanyo y’imilioni 20 z’amadolari agenewe gufasha igisata c’indero mu Burundi. Mu kiganiro umushikiranganji ajejwe indero mu Burundi, Saidi Kibeya yahaye Ijwi rya Amerika, amenyesha ko iyo nfasahanyo yaje gufasha mu migambi imwe imwe ijejwe igisata c’indero.
Iyo nfashanyo izokoreshwa mu gushigikira umugambi leta yashimikiyeko w’ukwigisha abana bose bo mu mashule matomato ku buntu. Mu migambi bategekanije, harimwo kwubaka amashule mashasha, n’ugusanura ayari ahasanzwe, kumenyereza abigisha n’ugutegekanya ibitabo bigenewe abanyeshule mu mu mashule yo mu ntango. Ngo hari n’imigambi yerekeye amashule yisumbuye na kaminuza.
Umushikiranganji ajejwe indero mu Burundi, Saidi Kibeya arangiza avuga ko umugambi umaze muri iki gihe umwaka n’igice utegugwa ari mwiza kubera ujanye n’ishaka ry’uguteza imbere ivyerekeye indero mu Burundi. Ngo baravuganye n’abafasha Uburundi kugira bawushire mu ngiro. Ngo bashaka yuko uwo mugambi uhurikigwamwo n’abarundi bose.