Uko wahagera

Mu Burundi, Reta Nshasha n'Umugmbi  Wihutirwa, Ariko Utoroshe Kurangura


Haheze indwi Perezida w’Uburundi, Petero Nkurunziza, ahaye imigambwe FRODEBU, UPRONA na CNDD FDD amasaha mirongo ibiri n'ane ngo ibe yamushikirije urutonde rw'abashobora kuja muri reta nshasha itegekanywa gushingwa mu misi iri imbere. Gushika ku wa gatatu igenekerezo rya 3 ukwezi kw’indwi, umwaka w’i 2007, imigambwe FRODEBU na UPRONA nti yari bwashikirize urutonde isabwa, nk'uko vyemejwe n'abegereye mu biro vy’umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza.

M’umugambwe FRODEBU baremera ko bataratanga ugwo rutonde. Umukuru w'umugambwe FRODEBU, Leonce Ngendakumana, avuga ko ugwo rutonde rutagoye gukora, ariko ko badakeneye kwinjira muri reta nk'abasaba akazi. Avuga ko abarongoye umugambwe FRODEBU bakeneye kubanza kumenya neza poritike bagiye gukora, bakamenya neza kandi ico bagiye gukora kugirango intambara ihagarare burundu, kazoza k'umuhari Palipehutu FNL, n'ibitegekanywa kurangurwa mu vyerekeye imigambi ya Demokarasi, intwaro ibereye, kwubahiriza agateka ka zina muntu, no kurwanya ibituri.

Umugambwe UPRONA nawo nyene nturatanga ugwo rutonde rwasambwe. Aloys Rubuka arongoye umugambwe UPRONA, avuga ko hari ivyo basavye reta bitararonka inyishu, ariko ntatomore ivyo basavye ivy’ari vyo.

Uretse ko hari ivyo iyo migambwe ibiri isaba reta, inkuru zitangwa n'abanywanyi b’iyo migambwe batashimye ko amazina yabo amenyekaka, zivuga ko hari ukutumvikana ku bantu boja k’urutonde Perezida Nkurunziza asaba. Inkuru ziva mu begereye umukuru w’igihugu zivuga ko hamwe vyoteba, ashobora gufata ingingo yo gushinga reta irimwo abanywanyi b’imigambwe FRODEBU na UPRONA bavyipfuza, ariko batarinze gutangwa n'abarongoye iyo migambwe, canke agashiramwo abanywanyi b’amashirahamwe ategamiye reta. Umuhinga yanonosaye ivy’amategeko, akaba yarakoze no muri reta zo muri kahise, Eugene NIndorera, avuga ko kubona haheze imisi myinshi abashikiranganji benshi bicura ko bashobora gukurwa ari ibintu bibi cane. Avuga ko mu bisanzwe ataco baba bagikora, kandi ko bashobora gufatwa n’agatima ko kunyuruza amatungo ya reta. Abegereye umukuru w’igihugu bavuga ko reta yimirije ivugwa, izoba igizwe n'abashikiranganji mirongo ibiri na bane, kuri mirongo ibiri na babiri bari muri reta y’ubu. Abatanga izo nkuru bavuga kandi ko umuhari Palipehutu-FNL utarashira ibigwanisho hasi, ushobora kuzoba ufise abawuserukira mur'iyo reta nshasha.

XS
SM
MD
LG