Uko wahagera

Hari Raporo Ivuga ko Ubutunzi Buriko Buriyongera muri Afrika


Itohoza ryagizwe n’ibanki ijejwe iterambere mu karere ka Afrika bita mu rurimi rw’igifransa, “Banque Africaine de Developement”, ivuga ko vyitezwe ko iterambere mu butunzi mu karere ka Afrika rishika ku bice bitandatu kw’ijana muri uyu mwaka.

Akarere ka Afrika karagize iterambere mu butunzi ritari bwaboneke mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri irangiye, aho ubutunzi muri rusangi bwiyongeye hafi y’ibice bitanu kw’ijana mu mwaka w’2006. Ivyo vyatangajwe muri raporo yasohowe n’ibanki ijejwe iteremabere mu karere ka Afrika yitwa, ‘African Economic Outlook, 2006/2007.

Iyo raporo ivuga ko ibintu nyamukuru vyatumye ubutunzi bwiyongera muri Afrika ngo n’ukurondera ibitoro kwiyongeye ku masoko mpuzamakungu hamwe n’ayandi matungo yo mu butaka atari ibitoro , ukwiyongera kw’imitahe muri ivyo bisata n’ukumera neza kw’ibihe ku vyerekeye uburimyi.
Ukubandanya kw’imigambi myiza yerekeye ubutunzi mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika vyatumye imitahe y’abagira imirimo y’ubudandanji yiyongera mu karere ka Afrika muri rusangi.

Iyo raporo yamara ivuga ko akarere ka Afrika kagikeneye kwihutisha iterambere ry’ubutunzi kugira rishike ku rugero ruri hagati y’ibice indwi n’ibice umunani kw’ijana mu vyotuma ibihugu vyo muri Afrika bishikira imigambi y’iki kinyagihumbi yerekeye iterambere y’ukugabanya ku bice mirongo itanu kw’ijana igitigiri c’abantu babayeho ku bukene butagira uko buvugwa mu mwaka w’2015.

XS
SM
MD
LG