Uko wahagera

Umubonano wa Rwasa Agathon na Prezida w'Uburundi muri Tanzania


Umuvugizi w'umuhari Palipehutu-FNL, Pasteur Habimana, yavugiye kuri radiyo Bonesha-FM na radiyo Isanganiro zi Bujumbura, ko umukuru w'umuhari Palipehutu-FNL, Rwasa Agathon, na Perezida w'Uburundi, Petero Nkurunziza, bagiye kuzobonanira i Dar-Es-Salaam muri Tanzania kw'igenekerezo rya 17 Ruheshi 2007.

Nta wuzi neza ibizovugwa mur'uwo mubonano, ariko ivyo biganiro bifise intumbero yo gukura mu nzira intambamyi zose zibuza ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yemejwe hagati y'umuhari Palipehutu-FNL na reta y'Uburundi. Ayo masezerano akaba yari agiye kumara hafi umwaka atarashirwa mu ngiro.

Pasteur Habimana avuga k'umuhari usaba ko abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n'abari mu migambwe itavuga rumwe na reta botumirwa muri ivyo biganiro, kugirango haboneke isura z'ivyavuzwe n'abobishigikira.

Umuhari Palipehutu-FNL usaba kwemererwa kuba umugambwe, no kuronswa ibibanza bikomeye mu nzego zose z'igihugu. Igihugu ca Tanzania nico, kuva intambara itangura, camye cakira ibiganiro hagati y'abagwana mu Burundi. Ico gihugu kikaba gihaye indaro impunzi z'abarundi ibihumbi amajana atanu, bamwe bahungiyeyo kuva mu mwaka w'i 1972.

XS
SM
MD
LG