Uko wahagera

Ingraruka y'Intsinzi ya Nicholas Sarkozy Ku Karere Ka Afrika


Bamwe mu bategetsi b’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero bamenyesha ko bafise amakenga ku ngaruka intsinzi ya Nicholas Sarkozy mu matora y’umukuru w’igihugu izogira ku vyerekeye akarere ka Afrika. Yamara bamwe mu bihweza ibintu bibaza ko intsinzi ya Sarkozy izogira ingaruka nziza ku bihugu bivuga ururimi rw’igifrnsa mu karere ka Afrika, bavuga ko bizera cane rwose ku nfashanyo itanzwe n’igihugu c’Ubufransa.

Babacar Gueye, umwigisha w’ivyerekeye politike n’intwaro kuri kaminuza ya Cheick Anta Diop, i Dakar ku mugwa mukuru wa Senegal avuga ko abanyafrika batari bake bari biteze ko ibintu bigenda ukundi mu matora y’umukuru w’igihugu mu Bufransa. Ivyo Nicholas Sarkozy yatangaje mu gihe c’ukwiyamamaza ku bijanye n’abarondera kuba mu gihugu c’Ubufransa vyarateye ubwoba abava mu bihugu bivuga igifransa vyo muri Afrika yo mu burengero.

Mamadou Barry, umuvugizi w’umugambwe w’aba Socialiste mu gihugu ca Snegal avuga ko n’imbere yuko ikiringo c’ukwiyamamaza gitangura, ngw’abanyafrika bari bazi imigambi itoroshe ya Sarkozy ku vyerekeye abarondera kuba mu gihugu c’Ubufransa igihe Sarkozy yari umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati. Muri iyo migambi harimwo gutahukana ku nguvu bamwe mu baba mu gihugu c’Ubufransa mu gutahukana ku nguvu bamwe mu baba mu gihugu c’Ubufransa mu buryo budaciye mu mategeko.

Ikibazo c’abarondera kuza kuba mu Bufransa n’ikibazo gikomeye mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, aho ubukene butuma abantu ibihumbi n’ibihumbi uko umwaka utashe barondera kuja kurondera ubuzima bwiza mu karere k’i Bulaya.

XS
SM
MD
LG