Jean Bosco Sindayigaya batazira Gatayeri avuga ko atwara ishami ry'umuhari Palipehutu-FNL amaze imisi ine mu ninwe y'igiporisi c'Uburundi.
Ugwego gw’abaporisi rujejwe iperereza nirwo rwamuhagaritse, aca atwagwa mu biro vy'igiporisi ca Perezida kijejwe kurondera amakuru. Jean Bosco Sindayigaya yahora avugira ku maradiyo y’Uburundi, asaba gutangura kugirana ibiganiro na reta.
Reta y'Uburundi ivuga ko itazi uwo mugwi wa Jean Bosco Sindayigaya. Umuvugizi wa gisirikare, riyetena koroneri Adolphe Manirakiza na Koroneri Ildephonse Mushwabure nabo bari bamaze imisi bavuga ku maradiyo ko Jean Bosco Sindayiga bita Gatayeri n'abagwanyi biwe bakwiye guhigwa bagafatwa nk'abagizi ba nabi aho bari hose.
Jean Bosco Sindayigaya batazira Gatayeri yahoze ari mu bagwanyi ba Rwasa Agathon umukuru w'umuhari Palipehutu-FNL. Munyuma yariyonkoye kubera ukutumvikana, aca atwara abagwanyi yari arongoye muri Bujumbura-Rurari. Turetse reta y'Uburundi n'umuhari Palipehutu-FNL wahiga bunyamaswa uwo Jean Bosco Sindayigaya.
Mu gusaba ibiganiro na reta y’Uburundi, Jean Bosco Sindayigaya yavuga ko yahagaritse intambara kuko avyishakiye. Ariko birashika ko rimwe na rimwe abasirikare b'igihugu batana mu mitwe n'abagwanyi biwe, mu gihe bafashwe bariko barasahura abanyagihugu. Nta wuzi igitigiri c'abagwanyi ba Jean Bosco Sindayigaya, ariko abamwiyitirira barakunda gufatwa. Igisirikare c'Uburundi na reta bemera umuhari wa Rwasa Agathon wonyene.