Itegeko rijejwe kugwanya ibiturire mu Burundi ryateweko igikumu n’umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, kw’italiki 18 z’ukwezi kwa kane mu mwaka w’2006.
Yamara ku bw’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, rijejwe kugwanya ibiturire n’isesagugwa ry’itunga ry’igihugu mu Burundi, Gabriel Rufyiri, mu kiganiro twagiranye, yamenyesheje ko hari ingingo ya 71 y’iryo tegeko yavuga yuko ama “dossiers” yose, yaba ari ayo mu butungane, mu gipolisi kijejwe gukwirikirana ama “dossiers”, n’abandi bantu bose bashobora gufatwa mu bijanye n’ibiturire canke ubusuma ko baca bagenda mu nzego zisanzwe zihariwe ako kazi.
Ngo izo nzego akaba ari igipolisi kijejwe guhasha ba kaboko na sentare ijejwe guhana abariye ibitutire canke ababitanze.
Ngo yamara izo nzego zigiyeho mu misi ya vuba, ngo ntiziratangura gukora neza.
Umuyobozi w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel Rufyiri avuga ko ibintu bisa n’ivyahagaze.
Ngo hari n’izindi ngingo zo muri iryo tegeko rijejwe kugwanya ibituyrire bigaragara ko zitazoshobora gukora, naho izo nzego ziherutse gushigwaho.
Ishirahamwe OLUCOME ryasavye rishimitse ko amahinyu yose ari mw’itegeko rijejwe kugwanya ibiturire yotoregwa inyishu.