Uko wahagera

Abashingamateka Batatu n'Umukenguzamateka Umwe bo m'Umugambwe CNDD-FDD Barasezeye


Abashingamateka batatu n'umukenguzamateka umwe batowe mu ntara ya Kirundo m’uburaruko bw'Uburundi kw'izina ry'umugambwe CNDD-FDD, basohoye urwandiko ruvuga ko bavuye mur'uwo mugambwe. Insiguro batanze, ngo n'uko uwo mugambwe utagikurikiza ivyo biyemeje mu vyerekeye imigambi ya demokarasi, intwaro ibereye, n'agateka ka zina muntu.

Abo bashingamateka n'uwo mukenguzamateka bakurikiye umushingamateka Pascaline Kampayano, nawe nyene aheruka kuva mur'uwo mugambwe. Mu nyuma haciye hasohoka urutonde gw'amazina y’abanywanyi benshi b'umugambwe CNDD-FDD bo mu ma komine ya Buterere na Bwiza, nabo nyene bamenyesha ko bavuye mur’uwo mugambwe. Kandi ngo invo bose batanga ni zimwe.

Umuvugizi w'umugambwe CNDD-FDD avuga kw’abo bantu ari abahendwa, ariko akongerako k’umuntu wese afise uburenganzira bwo kwinjira canke kuva mu mugambwe. Abihweza ibintu n'ibindi mu vya poritiki, bavuga ko ibiriko biraba mur’iki gihe bijanye n'ingorane z’ukutumvikana kumaze imisi hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD. Ivyo kandi ngo bituma inguvu z’umugambwe CNDD-FDD zigabanuka.

XS
SM
MD
LG