Uko wahagera

Hussein Radjabu Yasubiye Kurenguka Imbere y'Ubutungane


Inyuma yaho, Hussein Radjabu yahoze atwara umugambwe uri k'ubutegetsi yungururije urubanza muri Sentare Ntahinyuzwa, ku ngingo yo kubandanya gupfungwa yafashwe n'abacamanza bihweje urubanza ubwambere, yarasubiriye kurengutswa kugira yunvirizwe.

Abantu benshi, ahanini bava muri Komine Buyenzi, n'abashingamateka bamushigikiye bari baje ku nyubakwa yitiriwe ubutungane. Abaporisi bafise ibigwanisho n'ibikoresho bibakingira mu maso no ku mutwe baguma bagwana n'abaje kuraba canke gushigikira Hussein Radjabu.

Inyuma y'amasaha mirongo ine n'umunani, niho Sentare izoshikiriza aho ihaganze, niba Hussein Radjabu abandanya gupfungwa canke akarekurwa. Mu gihe yoguma apfunzwe, urubanza ruzoca rubandaniriza mu ntahe y'icese, abantu bose bashobore gukurikirana imburano ziwe.

Hussein Radjabu yahoze atwara umugambwe uri k'ubutegetsi, akaba yagirizwa ko yashatse guhungabanya inzego n'umutekano, amaze imisi mirongo itatu n'ibiri apfunzwe.

XS
SM
MD
LG