Uko wahagera

Igisoda ca Sudani Cahaye Imfashanyo Igisirikare c'Uburundi


Ku musi wa kane, igenekerezo rya 24 Rusama 2007, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'igihugu ca Sudani bwarungikiye igisoda c'Uburundi imfashanyo igizwe na matera mirongo itanu, ibitanda vyo mu bitaro mirongo itanu, mashine zo kwandika (ordinateurs) ijana na mirongo ibiri, n,umuduga wagabiwe umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi, n'imiti batavuze igitigiri.

Riyetena Jenerari Germain Niyoyankana atwara igisirikare c'Uburundi, akaba ariwe yakiriye iyo mfashanya, yarashimye aca avuga ,ko Sudani n'Uburundi bifitaniye imigenderanire myiza, cane cane mu vya gisirikare. Igihugu ca Sudani cama cakira abasoda canke abaporisi b'Uburundi bagiye kwiga. Uburundi nabwo buherutse kurungika abaporisi mirongo ine baja gufasha mu ntara ya Darfour.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Petero Nkurunziza, aramawe kwishikira ubwiwe muri Sudani, aho yagabiwe imiduga ibiri, uwiwe umwe, n'uwundi w'uwo bubakanye.

XS
SM
MD
LG