Uko wahagera

Mu Burundi, Ivyaha Bikomeye nti Bizogirirwa Ikigongwe


Reta y'Uburundi na ONU vyarumvikanye ko ivyaha bikomeye bitazogirirwa ikigongwe. Iyo ngingo yafashwe inyuma y'urugendo rw'imisi itanu umupfasoni Louise Arbour yagize mu Burundi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umupfasoni Arbour yamenyesheje ko Reta y'Uburundi yatevye ikemera ko ivyaha vy'ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara, n'ibindi vyaha vy'agahomera bunwa bitazogirirwa ikigongwe.

Umupfasoni Louise Arbour ajejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe ONU, avuga ko habaye intambwe mu vyerekeye gushinga umurwi uzotohoza ukuri ku vyabaye mu Burundi, na ya sentare idasanzwe izohana abakoze ivyaha. Mu biganiro yagiranye n'abategetsi b'Uburundi, ngo baramwemereye ko gushinga izo nzego zisanzwe zitegekanijwe mu masezerano y'i Arusha bitakiri ikibazo.

Ariko ico batarashobora kumvikanako, n’ingene izo nzego zibiri zizokorana, na cane cane ku bwigenge bw'umukuru wa Sentare idasanzwe. Ishirahamwe ONU risaba ko urwego rwose rwokwigenga, umukuru wa sentare akagira ububasha bwose bwo gukurikirana abantu bafise ivyo bagirizwa. Ibiganiro ngo bizobandanya kur'ico kibazo.

Ikindi bashoboye kumvikanako, n’abantu batatu bazohagararira ibiganiro bizoba mu gihugu cose, ku bijanye n'ugushiraho sentare idasanzwe, na wa murwi wo kumenya ukuri ku vyabaye. Uwo murwi w'abantu batatu uzoba ugizwe n'umuntu avuye muri reta, umuntu avuye muri ONU n'umuntu aserukira amashirahamwe ategamiye reta. Abo bantu bose uko ari batatu ngo bazotegerezwa guhagararira ineza y'abanyagihugu.

Umupfasoni Louise Arbour yasavye ashimitse ko reta y’Uburundi yokora uko ishoboye kwose, kugira ngo igwanye ingeso y'ukudahana ivyaha. Yasavye ko amatohoza ku bijanye n'ubwicanyi bwabaye i Muyinga m’uburaruko bw'Uburundi, mu mwaka w'i 2006, yokorwa ku mugaragaro, abakoze ubwicanyi bakamenyekana, kandi bagahanwa. Ikindi umupfasoni Arbour yasavye avuga ko kimuraje ishinga, n’ugukurikirana abagirizwa ubwicanyi bwo mu Gatumba, ku birometero indwi gusa uva mu gisagara ca Bujumbura, bwabaye mu mwaka w'i 2004. Ubwo bwicanyi bwahitanye impunzi z'Abanyamurenge zirenga ijana na mirongo itandatu.

Umupfasoni Louise Arbour yasavye abafasha Uburundi kubandanya gufasha, cane cane mw'iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu mu bisata vyose vy'igihugu.

XS
SM
MD
LG