Uko wahagera

Umupfasoni Louise Arbour Asaba ko ata Kigongwe c'Ikivunga Cotangwa mu Burundi


Mu rugendo, umupfasoni Louise Arbour ajejwe agateka ka zina muntu mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, aherutse kugira mu Burundi, yaganiriye n'abategetsi b'ico gihugu ku bibazo bitatu bikuru bikuru: Sentare mpuzamakungu yoca imanza z'amabi yakozwe mu Burundi, umugwi ujejwe kumenyesha ukuri n'uguhariranira, hamwe n'ibibazo bijanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu muri rusangi.

Mu mubonano yagiranye n'umushikiranganji ajejwe ubutungane, umupfasoni Louise Arbour yasavye ko Sentare mpuzamakungu, n'umugwi ujejwe ukuri n'ukurekuriranira, vyoshingwa vuba. Ariko ngo ikitovugwa ni ikigongwe c'ikivunga. Intahe ngo itegerezwa gukora ku vyaha vy'ihonyabwoko, amabi y'agahomerabunwa, n'ayandi akorwa mu ntambara. Umushikiranganji ajejwe ubutungane, umupfasoni Clotilde Niragira avuga ko baganiriye bahuza.

Umupfasoni Louise Arbour yabonanye kandi n'umukuru w'ishirahamwe riharanira agateka k'abanyororo (APRODH). Umushingantahe Pierre Claver Mbonimpa atwara APRODH yamwiganiye kw'ibitigiri vy'abasinzikarizwa ubuzima n'abafatwa ku nguvu bibandanya vyiyongera. Mu mwaka wi 2005 abigeme n'abakenyezi bafashwe ku nguvu, baharurwa mu majana atatu na mirongo ine na batandatu. Mu mwaka wi 2006 bashitse ku majana atandatu na mirongo umunani na batandatu. Umupfasoni Louise Arbour yasavye abategetsi kw'ivyo bintu vyahagarara.

XS
SM
MD
LG