Uko wahagera

Inkurikizi z'Ugutanga Imihoho kwa Paul Wolfowitz



Paul Wolfowitz aherutse gutanga imihoho mu mabanga y’ukuyobora ibanki y’isi yose inyuma yuko aremewe kubera makosa yakoze mu guha igiti gikomeye n’umushahara munini umupfasoni bakundana, Shaha Riza mu vyari biciye kubiri n’amategeko agenga inyifato y’abakozi b’ibanki y’isi yose.


Mugenzi wacu wo mu rurimi rw’icongereza kw’Ijwi rya Amerika, Howard Lesser yaravuganye na Njoki Ngehu, wo mw’ishirahamwe, “ 50 Years Is Enough”, risaba ihindugwa rikomeye ry’ukugene ibani y’isi yose ikora. Umupfasoni Ngehu yatanguye avuga ko umuyobozi abereye w’ibanki y’isi yose ashobora kuboneka. Ngo ntazi uwariwe, ngo yamara ikintu nyamukuru azotegerezwa kugira ngo n’uguhindura imigambi y’ibanki y’isi yose.

Ku kibazo c’ukumenya nimba hamwe Amerika yogumana uburenganzira bw’ukugena uwuzosubirira Paul Wolfowitz, umuyobozi mushasha azokwirikiranigwa hafi cane kubera ukugene abantu babona Amerika, umupfasoni Ngehu yavuze ko ivyo ataho bihuriye n’uko abantu babona Amerika, ngo kuko no muri Amerika hari abantu batari bake bemera ko Paul Wolfowitz atari afise ibikwiriye kugira ayobore ibanki y’isi yose.

Umupfasoni Ngehu avuga ko uwuzosubirira Paul Wolfowitz uwariwe wese mu mabanga y’ukuyobora ibanki y’isi yose yotegerezwa gukwirikiranigwa hafi kugira abantu babone ko afise ibikwiriye kugira ayobore ibanki y’isi yose.
Ngo ibanki y’isi yose n’ikigega mpuzamakungu F-M-I bimaze imyaka irenga mirongo itandatu bishinzwe ngo yamara izo nzego uko ari zibiri ntizigene zisigura kuvyo zikora.
Ngo harakenewe abayobozi bikwitandukanya n’ingendo za kera, bagashiraho uburyo bushasha bw’ukurangura neza imirimo yabo muri izo nzego.

Ku kibazo c’ukumenya kuba Paul Wolfowitz yari yegereye cane presida Bush vyoba biri mu vyatumye ava mu mabanga y’ukuyobora ibanki y’isi yose, Njoki Ngehu, wo mw’ishirahamwe, "50 Years Is Enough”, avuga ko aka mwana wa mama na ruswa arivyo bimuhitanye.

XS
SM
MD
LG