Uko wahagera

Mu Burundi, Hussein Radjabu Abandanya Gupfungwa


Inyuma y'indwi zibiri ziheze Hussein Radjabu yahoze ari umukuru w'umugambwe CNDD-FDD apfungiwe mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura, k’umugwa mukuru w' Uburundi, Sentare Ntahinyuzwa yemeje ko Hussein Radjabu aguma apfunzwe, akitaba ava mu Mpimba.

Uko bimeze, mu mategeko y’Uburundi, umuntu arashobora gupfungwa vy'agateganyo mu gihe ata nsiguro zihagije aratanga. Ariko inyuma y'imisi cumi n'ine, ubutungane buramurekura canke bukemeza ko abandanya gupfungwa. Sentare Ntahinyuzwa rero yemeje ko hariho ivyagira Hussein Radjabu inyuma y'aho yumvirijwe kabiri kose.

Hussein Radjabu agiye rero kuronka akanya ko kuburanira mu ntahe y'icese, kandi isango yatanzwe mu kwezi kumwe. Uwumuburanira, Prosper Niyoyankana, avuga k’urubanza rwa Rajabu rujanye n'ivya poritiki.

Hussein Radjabu yahagaritswe kw'igenekerezo rya 27 Ntwarante 2007, yagirizwa ko yariko ategura umugambi wo guhungabanya inzego. Mu Mpimba aho apfungiwe, nta muntu n'umwe bavugana. Apfungiwe mu nzu itagira amadirisha, nk'uko twavyiganiwe n'abandi banyororo. Hussein Radjabu ngo afise isaha imwe ku musi yo kuja ku zuba.

Kw’igenekerezo rya cumi na gatanu ry’uku kwezi kwa gatanu, muri komine Bwiza, mu gisagara ca Bujumbura, amazu atandatu y'abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD yarasatswe n'abaporisi. Umuvugizi w'ugwego gw’abaporisi avuga ko ari igikorwa ca misi yose, ariko ababa mu Bwiza twaganiriye, bavuga ko bishora kuba bifitaniye isano n'ivyo Hussein Radjabu yagirizwa. Ariko ugwego gw’abaporisi nti rwigeze rwerekana ivyafashwe mur'ico gikorwa, kandi nta muntu yahagaritswe.

XS
SM
MD
LG