Uko wahagera

HCR Ryarahagaritse Kurungika muri Amerika AbanyeCongo baba mu Burundi


HCR Ryarahagaritse Kurungika muri Amerika abanye Congo baba mu Burundi. Uwuserukira ishirahamwe HCR mu Burundi avuga ko ata banye Congo bakirungikwa muri Amerika canke ahandi. Mu kiganiro uwurongoye ishirahamwe ryitaho impunzi mu Burundi yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru yasavye ko atosubira kubona imbere y'ibiro vya HCR uruja n'uruza rw'abanye Congo basaba kurungikwa kuba mu mahanga.

Negaya Kaba Guichard, umukuru wa HCR mu Burundi, asigura kw’iryo shirahamwe riherutse kurungika muri Reta Zunzubumwe za Amerika abanye Congo b’abanyamulenge amajana atanu na mirongo itanu, ariko ngo ico gikorwa cararangiye.

Abarungitswe ngo bari abacitse kw'icumu m’ubwicanyi bwabaye mu Gatumba, mu Burundi, mu 2004. Kuva HCR itangura ico gikorwa, ibiro vy’iryo shirahamwe vyama vyagendewe n'abantu basaba kurungikwa nabo muri Amerika canke i Bulayi.

Abamenyemakuru bitavye ico kiganiro, basavye insiguro ku vyerekeye abarundi birukanwa ku nguvu mu gihugu ca Tanzania. Negaya Kaba Guichard yasiguye avuga ko abarundi baba muri Tanzania batazwi na HCR, ico gihugu ngo kikaba gifise uburenganzira bwo kubirukana. Ariko ngo ikibabaje ni ivyabo n'ababo badatahuka. Uburundi na Tanzania ngo bikwiye kuganira kur'ico kibazo.

XS
SM
MD
LG