Uko wahagera

Reta y'Uburundi mu Mwiherero


Reta y'Uburundi n'abayobozi bo mu nzego zo hejuru baragiye mu mwiherero w'imisi ibiri mw'ihoteri Club du Lac Tanganyika. Ibiganiro n'ivyiyumviro bizoshimikira ku gutwara neza, kubungabunga amatungo ya reta, gutunganya neza imigambi y'iterambere mu gushira imbere inyishu z'ibibazo vyihutirwa bibangamiye abanyagihugu, tutibagiye kurya ibiturire.

Ibanki y'isi yose ifasha mur'ivyo bikorwa, yasanze hariho agahaze kur'ivyo bibazo. Mu gihe reta iriko irasigura umugambi w'igihugu wo kugwanya ubukene, ngo birakenewe ko itomora neza ibikeneye gukorwa, igategura abazobikora n'ingene bizokorwa. Abanyamahanga baje bava mu bihugu vya Madagascar na Burkina Faso, hamwe n'uwuserukira UNICEF mu Rwanda bariko barafasha abarundi mur’ico gikorwa.

Ikindi kintu kiri muvyatumye uwo mwiherero uringanizwa, n’inama idasanzwe y'abasanzwe bafasha Uburundi, yimirije kubera i Bujumbura ku magenekerezo ya 24 na 25 rusama. Mur'iyo nama reta y'Uburundi yipfuza kuronka amafaranga yemerewe, inyuma y'amasezerano y'amahoro, n'amatora yaringanijwe mu mwaka w'i 2005.

Amakungu ntarashobora gutanga ivyemewe, kuko ibihugu vyinshi, cane cane ibihugu vya Buraya, bivuga ko bitarashimishwa n'ibiba mu Burundi mu vyerekeye agateka ka zina muntu, intwaro ibereye, ivya poritiki, n'ukurya ibiturire.

Intambamyi yindi ikomeye, yerekeye ugufashwa kw'Uburundi, mu gihe hakiri ingorane hagati y'umuhari Palipehutu FNL na reta. Amasezerano ntarashobora gushirwa mu ngiro. Reta y'Uburundi n'umuhari wa Rwasa Agathon biracameze nk'ibishamiranye, abafasha nabo bagashaka gufasha mu gihe babona ko ata wuzosubira gusambura.

XS
SM
MD
LG