Uko wahagera

Imishahara y'Abakozi mu Burundi Yongerejwe


Ku musi mukuru w'abakozi, igenekerezo ryambere Rusama, Perezida w'Uburundi, Petero Nkurunziza, yaradugije imishahara y'abakozi, ibi mirongo itatu na bine kw'ijana.

Perezida w'Uburundi yemeye kandi kuduza amafaranga y'uburaro n’ayo kwiyunguruza ahabwa abakozi, hamwe n'amafaranga y'abana n'abagore.

Akanyamuneza ni kose ku bakozi, ariko ngo agashahara karacari gato ku bakozi. Abigisha n'abaganga ngo baracafise ibintu vyinshi basaba.

N'aho agashahara kadugijwe nta wuramenya neza iyo amafaranga azova, kuko haheze amezi menshi ishirahamwe rya Bulaya n'Ububiligi arivyo bifasha mu kuriha imishahara.

Peresida Petero Nkurunziza yashimye guhimbariza umusi mukuru w'abakozi i Ngozi mu ntara avukamwo.

XS
SM
MD
LG