Uko wahagera

Hussein Radjabu Imbere y'Ubutungane


Kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza, inyuma y’umutaga, Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD yararengukijwe imbere y'umushikirizamanza mukuru wa repuburika .

Mu gatondo ka kare, abaporisi benshi bari mu tugwi hirya no hino y'inyubakwa Hussein Radjabu abamwo. Nta nkuru n'imwe itangwa mu giporisi, ariko mu misi iheze umushikiranganji ajejwe umutekano n'intwaro yo hagati mu gihugu yari yamenyeshe ko hariho amatohoza arikoarakorwa kuri Hussein Radjabu, ku verekeye imigambi yo guhungabanya umutekeno mu gihugu.

Nta raporo irashigwa ahabona, ariko kw'iradiyo y'abanyagihugu RPA haheze imisi ibiri hashikirizwa amajwi ya Hussein Radjabu, aho yigisha abahoze bagwana kugarariza n'ugutegura umugambi wo guhungabanya umutekano. Inkuru zivugwa n'abegereye Inama Nshingamateka, zivuga ko Hussein Radjabu ashobora gukurwako ka gateka k'abashingamateka ko kudakurikiranwa mu bihe ivyo arivyo vyose.

Mu nyubakwa y'ubutungane hari abaporisi benshi igihe Hussein yarenguka. Yabajijwe amasaha arenga abiri mu mwiherero. Nta wuzi neza ivyo yabajijwe, ariko ngo nta nkeka ko vyerekeye umugambi wo guhungabanya umutekano. Inyuma y'amasaha abiri yararekuwe, ariko ngo kurengutswa bizobandanya. Hussein Radjabu avuga ko bijanye n'ingorane ziri mu
mugambwe wiwe.

XS
SM
MD
LG