Uko wahagera

Alice Nzomukunda, Icegera ca Mbere c'Inama Nshingamateka


Ikibazo co gutora umukenyezi aja mu barongoye Inama nshingamateka y’Uburundi catevye kiratorerwa umuti. Kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza, umupfasoni Alice Nzomukunda yatowe mu kibanza c'icegera ca mbere c'umukuru w'Inama nshingamateka, igikorwa cari caragoranye.

Abashingamateka 83 kuri 109 bari bitavye ivyo bikorwa nibo bamutoye, 17 baramuhakana, 9 ntaco babivuzeko. Muri rusangi amatora yabaye mu mutekano ntangere, vyibonekeza kw'imibonano yafashe umwanya muremure, yatevye igashika ku ntambwe ishimishije.

Alice Nzomukunda yatowe yari yatanze imihoho mu kibanza c'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu, yagiriza amakosa menshi yavuga ko atokwihanganira Hussein Radjabu yahoze atwara umugambwe CNDD-FDD. Itorwa ryiwe risa n'inkota kuri Hussein Radjabu n'abasigaye bamuyoboka. Alice Nzomukunda asubiriye umushingamateka Onesime Nduwimana yashinzwe kurongora ishirahamwe SOCABU, inyuma y’uko agondojwe kugira ngo atange imihoho.

Ibikorwa vy'Inama nshingamateka vyatanguye mu kwezi kwa kabiri, bigiye kurangira mu misi itanu hatowe itegeko rimwe gusa. Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta, rivuga ko habaye isesagurwa ry'amatungo ya reta kuko ngo mur'ico kiringo hakoreshejwe amafaranga imiriyoni amajana atandatu hafi na mirongo itanu ku bantu batariko bakora ico bategerezwa. Umushingamateka umwe wese agiye gutahana umuriyoni n'ibihumbi amajana abiri kw'itegeko rimwe gusa ryatowe.

XS
SM
MD
LG