Uko wahagera

Amakenga kw'Itegeko Rishasha Rijejwe Kugwanya Ibiturire


Itegeko risha rijejwe kugwanya ibiturire riherutse gushigwa mu ngwiro. Mu kiganiro twagiranye na Gabriel Rufyiri ayoboye ishirahamwe OLUCOME rijejwe kugwanya ibiturire n’isesagugwa ry’itunga ry’igihugu, yatangaje ko ishsirahamwe ayoboye ryerekanye amakenga ku vyerekeye iryo tegeko.
Ku bwiwe ngo bari biyumviye ko vyari gufasha cane mu gukingira itunga ry’igihugu. Ngo yamara basanze iryo tegeko hariho ibintu bimwe bimwe ribuze, cane cane nk’ivyaha vyerekeye abanyuruza amafranga muri douane no mu batozakori. Ngo hariho ivyaha bibiri vyategerezwa kuba vyategekanijwe muri iryo tegeko nk’icaha kijanye n’ivyerekeye amafranga ava mu masoko ya leta. Ikindi caha cerekeye gutanga inkuru zitarizo ku vyerekeye amatagisi n’amakori.

Ikindi anebagura kuri iryo tegeko nuko umuntu aravye neza mu yvaha vyategekanijwe, batigeze babidondora neza kugira ababuranira abantu ntibazovyitwaze mu kuvuga ko ivyaha vyagirizwa abo baburanira atarivyo.
Ngw’itegeko rishasha ryerekeye kugwanya ibiturire rikaba rigiye kuja mu ngiro ivyo bintu vyose bitagiyeho. Umuyobozi w’ishieahamwe OLUCOME, Gabriel Rufyiri avuga ko ivyo bizogira ingaruka mbi ku vyerekeye gukwirikiza iryo tegeko.

Ikindi kibazo abona ku vyerekeye iryo tegeko nuko abazoba bagerageje gusemerera ku bijenye n’ibiturire bategekanirijwe ibihano bikomeye cane ngo mu gihe boba bavuze inkuru zitari izukuri. Akaba avuga ko ubwo ari uburyo bw’ukubatera ubwobakugira ntibubahuke kwiyamiriza abarya ibiturire.

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel Rufyiri avuga ko ivyo bishitse mu gihe inama nshingamateka igira ikwize amezi atatu itanguye ibikogwa vyayo aho imaze gutora itegeko rimwe rudende inyuma yuko hakoreshejwe imilioni amajana atandatu y’amafranga y’amarundi. Ku bwiwe ngo ubwo n’ubundi buryo bw’ubusuma guhemba umuntu ataco ariko arakora.

XS
SM
MD
LG