Uko wahagera

Abatwa bo muri Afrika i Bujumbura Kwiga Gukingira Ibidukikije


Kuva kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza, umwaka wi 2007, abaserukira ubwoko bw'Abatwa bava mu bihugu icenda vya Afrika bakoraniye i Bujumbura mu kiringo c’indwi imwe, biga gukingira ibidukikije. Abaserukiye abandi, bava mu bihugu vya Congo, Urwanda, Tanzania, Maroc, Niger, Cameroun, Uburundi, Botswana na Afrika y'Epfo.

Inyigisho bazohabwa mu misi itanu, zizobafasha kwigisha bagenzi babo akamaro k'ibidukikije, ingaruka mbi yo kwonona ibidukikije n'ibikorwa vyo kubikingia.

Gusaba Abatwa ngo bijukire gukingira ibidukikije biterwa n’uko Abatwa baba mu mashamba, bagatungwa kenshi n'ibiri mur’ayo mashamba, ibikoko bihigwa, ivyamwa, n'ibiti. Uretse ivyo bafungura, kenshi na kenshi n'ivyo bambara biva mur’ayo mashamba. Ngo nico gituma bari mu bantu bavugwa ko babangamiye ibidukikije.

Abatwa bitavye ivyo bikorwa bariyemeje gukingira ibidukikije, ariko bagasa kuronswa amatongo nk'abandi banyagihugu, kuko henshi usanga kenshi na kenshi bakumirwa, nti babane n'abandi. Basaba kandi gushigikirwa mu migambi y'iterambere.

XS
SM
MD
LG