Uko wahagera

Intumwa za ONU mu Burundi Kurondera Amahoro Arama


Kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza umwaka wi 2007, intumwa z'ishirahamwe mpuzamakungu ONU zashitse i Bujumbura k’umugwa mukuru w'Uburundi, mu ntumbero yo gufasha Uburundi gushika ku mahoro arama.

Izo ntumwa zirongowe n'umunya Norvege, Johan Lovald, ziri mu murwi wa ONU ujejwe gufasha ibihugu bivuye mu ntambara kubumbatira amahoro. Igihugu ca Norvege nico kivugira Uburundi mur'uwo mugwi utwarwa n’umupfasoni Caroline MacAskie yahoze aserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi.

Izo ntumwa zizoganira n'abategetsi b’Uburundi ku vyerekeye ingorane zibangamiye amahoro n’ingene bozitorera umuti. Ikindi kizovugwa, n’uburyo bwotuma Uburundi bushika kw'iterambere rirama. Izo ntumwa zizobonana kandi n'abo bose bafise ico bavuga ku buzima bw'igihugu, baba abari mu gisata c'ubutungane, abagwizatunga canke abari mu mashirahamwe ategamiye reta.

Uwo murwi wiyemeje kuvugira Uburundi imbere y'abasanzwe babufasha, mu gihe Uburundi bwimirije, mu kwezi kuza, gutunganya inama ihuza abanyamitahe bafasha Uburundi, kugira batange amafaranga yemewe inyuma y'intambara mu Burundi. Iciyumviro ngenderwako ngo n'uko igihugu kivuye mu ntambara, ariko kikabandanya kubangamirwa n'ubukene, gishobora gusubira mu mudugararo n’ingwano.

XS
SM
MD
LG