Uko wahagera

Reta y'Uburundi n'Umuhari FNL-Palipehutu Biragiranya


Amakosa reta y’Uburundi vyagiranya n’umuhari FNL Palipehutu yatumye ibiganiro bihagarara. Kuva kw’igenekerezo ry’indwi, ukwezi kw’icenda mu mwaka uheze, reta y’Uburundi hamwe n’umuhari FNL Palipehutu biteye igikumu ku masezerano yo guhagarika ingwano, bikongera bikemeranya gushinga umurwi urimwo impande zose, uzokwirikirana ukuntu amasezerano ashirwa mu ngiro, ibiganiro hagati ya reta na FLN biramaze guhagara incuro zirenga zine.

Mu ndwi irangiye, abahuza mur’ivyo biganiro baratangaje kw’ibiganiro hagati ya reta y’Uburundi n’umurwi urwanya ubutegetsi bisubiye kuba birahagaritswe, mu kurindira kw’abahuza babumvikanisha. Reta y’Uburundi yagiriza abarwanya ubutegetsi ko bariko barasaba ibintu bishasha, mur’iki gihe ibiganiro vyari bifise umugambi wo kwihweza ukuntu, ivyo basezeranye bishirwa mu ngiro. Ivyo navyo bikaba birimwo kumenya no kugenduza ibibanza abarwanya ubutetsi bo muri FNL Palipehutu, bakoraniyemwo.

Umuhari FNL nawo wagiriza reta y’Uburundi ko ariyo iguma izana inzitizi nshasha, ngo kuko idashaka gushira ku rutonde rw’ibintu vyigwa, kazoza k’umuhari hamwe n’abategetsi bo muri FNL Palipehutu, abagwanyi hamwe n’amasezerano yo kubana mu mahoro hagati y’abarundi. Umuhari FNL uvuga kandi ko atari ubwa mbere reta y’Uburundi yerekana kw’iriko irakwega amaguru mu gushira mu ngiro amasezerano y’amahoro.

Mu kiganire DUSANGIRE IJAMBO co mur’iyi ndwi yaraye irangiye, twari twatumiye incabwenge zanonosoye ivyerekeye ubuhinga bwo gutorera inyishu amatati, zarimwo, Jean Berchmans Ndayizigiye, Fred Ngonga Gateretse hamwe na Fabien Cishahayo. Ng’ivyo ivyiyumviro abo bashingantahe bashikirije kur’ico kibazo.

XS
SM
MD
LG