Uko wahagera

Ingwano Hagati y'Abasirikare ba Leta n'Abagwanyi ba Jean-Bosco Sindayigaya


Kw’igenekerezo rya 26 Ntwarante, mw'ijoro ryo ku musi w'Imana rishira ku wa mbere, mu ntara ya Bubanza, abasirikare b'igihugu n'abagwanyi biyita aba FNL ba Jean Bosco Sindayigaya baragwanye amasaha atari make.

Mur'iyo ntambara, abagwanyi batatu ba Jean Bosco Sindayigaya barishwe, inkoho zitandatu z'ubwoko bwa Kalashinikov zirafatwa, hamwe na grenade zitandatu. Ku ruhande rw'abasoda b'igihugu, abasirikare batatu ngo barakomeretse. Ivyo bikaba bivugwa n'igisoda c'igihugu. Intambara zabandanirije mu ntara ya Cibitoke.

Bubaye ubwa mbere havugwa ingwano mu gihugu, kuva umuhari Palipehutu FNL wa Rwasa Agathon na Reta y'Uburundi bashize ibikumu ku masezerano yo guhagarika intambara. Jean Bosco Sindayigaya n'abagwanyi biwe biyonkoye ku muhari wa Rwasa Agathon, ariko gushika ubu nta biganiro biraba hagati ya reta na Jean Bosco Sindayigaya.

XS
SM
MD
LG