Uko wahagera

Imfashanyo ya Amerika m'Urudandazwa rw'Ikawa mu Burundi


Umukuru w'ikigo c'abanyamerika kijejwe iterambere muri Afrika, USAID, umunyamerika Ward Brehm, ariko aragendera Uburundi.

Ward Brehm yamenyesheje kw'ikigo arongoye gifasha amashirahamwe y'abadandaza kwisununura, kugirango ibihugu biri mu bukene bibuvemwo. Umushingantahe Ward asigura kw'ibikorwa nk'ivyo amaze kubikorana n'abagwizatunga bo mu Rwanda no m’Ubuganda, kandi ko vyagenze neza.

Mu Burundi Ward Brehm amenyesha kw'amaze kwumva kw'igisata c'ikawa gishobora gufashwa, ariko ko bizova kuvyo abagwizatunga b'abarundi na Reta bazoba bipfuza gufashwamwo.

Iyo mfashanyo izoba igizwe n'amahera azohabwa abagwizatunga, ariko agatangwa nk'ingurane izokwishurwa buke buke ata nyungu isabwe.

Ikidandazwa c'ikawa mu Burundi kiza ubwa mbere mu bidandazwa vyinjiza amafaranga y'agaciro, ariko carasubiye inyuma kubera intambara imaze imyaka irenga cumi. Amakungu arikugura akanovera k'ikawa y’Uburundi.

XS
SM
MD
LG