Uko wahagera

Isakwa ry'Ishule Kaminuza mu Burundi


Mu gitondo co ku musi wa gatatu igenekerezo rya cumi na gatatu ukwezi kwa gatatu, abaporisi benshi bazindutse bugarije uburaro bw'abanyeshuri bo muri Kaminuza ku Mutanga. Igikorwa co gusaka catanguye hakiri kare cane. Abaporisi bafashe abanyeshuri batanu baca babajana kubumviriza.

Mur'ico gikorwa, hafashwe ama grenade ane akorerwa m’Uburusiya, abiri yo m’Ubushinwa, amasasu y'ibikoho bikomakomeye, n'imyambaro y'igisoda n'igiporisi. Uwujejwe umutekano muri Kaminuza avuga ko hashobora kuba hariho n’ibindi bigwanisho bitashoboye kuboneka. Agasaba abanyeshure gufashanya n'abajejwe umutekano mur'ico gikorwa.

Mu kuja gusaka, abaporisi bavuga ko bari bafise inkuru zemeza ko muri Kaminuza hari ibigwanisho. Abarongeye Kaminuza n'abanyeshure bafise amakenga menshi, kuko muri kahise, inyuma y'urupfu rwa Perezida Melchior Nadadaye, mu mwaka wi 1995, muri Kaminuza haradutse ubwicanyi bwahitanye abanyeshure benshi b'abahutu, bituma abandi nabo bata amashure barahunga. Ni naho Petero Nkurunziza arongoye Uburundi mur’iki gihe, yaheba kubandanya kwigisha muri Kaminuza, akinjira mu mirwi yari yafashe ibigwanisho.

XS
SM
MD
LG