Uko wahagera

Marina Barampama Yarasubiriye Kurengutswa n'Ibiro vy'Iperereza


Mu gitondo co ku musi wa gatatu, igenekerezo rya cumi na gatatu, ukwezi kwa gatatu, uwahoze ar’icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu, Marina Barampama, yari yitavye mu biro bikuru vy'iperereza. Mu bandi bari baregukijwe, harimwo uwahoze ajejwe ivyo munzu, ariwe bita “intendant” m’ururimi gw’igifransa, hamwe n'uwurongoye inama mpanuzwajambo ya komine Buyenzi, Rashid Kibungere.

Ku musi wa kabiri, Marina Barampama, yabajijwe n'abantu umunani, ku vyerekeye uruhagarara rwabaye ku musi wa gatandatu mu Buyenzi, n'ikoreshwa ry'amafaranga yarungikanye uwujejwe ivyo mu nzu iwe, ngo agende kumugurira ibintu m’Ubushinwa. Ibivugwa mur’iki gihe, n’uko Marina Barampama yatwaye imiriyoni mirongo indwi na zitanu z'amafaranga y'amarundi yari yasigaye. Mu biro bijejwe iperereza ivyo bavyita kusahura itunga ry’igihugu.

Umupfasoni Marina Barampama avuga ko vyose ari ukumudendereza, kandi ko bijanye n'ivya poritiki, kuko yerekanye ko atemera ivyavuye mw'ikoraniro kaminuza ry'umugambe CNDD-FDD ryabereye i Ngozi kw’igenekerezo ry’indwi, ry’ukwezi kwa kabiri.

XS
SM
MD
LG