Uko wahagera

Ibiganiro hagati ya Leta y'Uburundi na ONU


Reta y'Uburundi n'abakozi b'ishirahamwe mpuzamakungu ONU banonosoye ivy'ubutungane bari mu biganiro vy'ugushinga umurwi ujejwe gushira ahabona ukuri ku vyabaye mu Burundi, ukurekuriranira, no gushinga Sentare mpuzamakungu izohana ivyaha vyakozwe mu Burundi.

Amabi yakozwe mu Burundi ni menshi cane, imyaka ivugwa cane ni 1965, 1972, na hagati yi 1987 n'1993. Ayo mabi yose yaranzwe n'ubwicanyi bufatiye ku moko. Inyuma y'intambara yamaze imyaka cumi irenga, abarundi baragiye mu biganiro vyari bifise intumbero yo gusubiza hamwe abonse rimwe n'ugutsimbataza demokarasi. Ikibazo nyamukuru ni ingene abarundi bosubira kubana mu mahoro n'umutekano, bakibagira ivyabaye. Bamwe bavuga bati n’ukurekuriranira, abandi nabo bati, oya nyabuna n’ugukubita intahe mu gahanga abakoze amabi.

Abarundi baremeranije gushinga umugwi ujejwe gushira ahabona ukuri, ukurekuriranira n'ukubumvikanisha. Amakungu yaremereye Uburundi Sentare yohana ivyaha vyakozwe. Ariko abantu nti babona kumwe ico izo nzego zizokora. Ukutumvikana kuracibonekeza, ari naco gituma abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU na reta y'i Bujumbura, bari mu biganiro vyo kuraba icokorwa. Bisa n'uko izo nzego zitazoboneka vuba, kuko reta y’Uburundi isaba ko abarundi bose bobanza bakumvirizwa.

XS
SM
MD
LG